Ibyo byatangajwe kumugoroba wo kur’uyu wa gatatu n’umukenguzamateka Bob Corker. Aho yavuze kw’iyo ngingo bayiganiriye na Keven McCarthy umukuru w’Abarepublika bagize igitigiri kinini cy’abashingamateka b’Amerika.
Aho ni inyuma y’aho McCarthy nyine yari yararwanije iyongeramo mu murwi w’ibyo bihugu, Koreya ya ruguru. Yavuga kw’ibihano bijanye n’ico gihugu bikwiye gutorerwa itegeko ritandukanye n’ivyo bindi bihugu.
Ku musi wa gatatu nyine, icyegera cy’umushikiranganji ashinzwe imigenderanire n’amakungu w’Uburusiya yavuze ko leta y’Uburusiya ishobora guca yihora mugihe ibyo bihano bizashyirwa mu ngiro.
