Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe, “Reporters Sans Frontieres” ryiyamirije ingingo y’urwego rw’igihugu rujejwe kugenzura umwuga w’ugutangaza amakuru mu Burundi, CNC, y’uguhagarika ibiganiro vy’amaradiyo BBC n’Ijwi rya Amerika mu Burundi mu kiringo c’amezi atandatu yafashwe na Reta y’Uburundi uno musi ku wa gatanu.
Ishirahamwe” Reporters Sans Frontieres”, rivuga kw’iyo ngingo igenewe kubuza itangazamakuru mu kiringo gukwirikirana imyiyamamazo yerekeye referandumu kw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi.
Urwego CNC mu Burundi rwagiriza amaradiyo BBC n’Ijwi rya Amerika ko yarenze ku mategeko agenga umwuga w’ugutangaza amakuru.
Urwego CNC rwamenyesheje kw’ibiganiro by’ayo maradiyo abiri bizoziririzwa mu Burundi mu kiringo cy’amezi atandatu kuva kw’italiki indwi z’uku kwezi kwa gatanu.
Ishirahamwe, “Reporters Sans Frontieres” ritangaza ko kuziririza amaradiyo mpuzamakungu abiri akomeye cyane imisi mikeya imbere ya referandumu kw’ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro byerekana ku buryo bugaragara kw’abategetsi b’Uburundi bashaka kubuza ko haba impari ku byerekeye iryo bwirizwa shingiro kandi ko birityoza uburenganzira bw’ukuronka amakuru.
Iryo shirahamwe ryibutsa ko ata ngingo ifatiye kuri demokrasi n’imwe ishobora gufatwa mu gihe itangazamakuru riziririjwe kurangura umwuga waryo.
