Agahungu k’imyaka ine kajanywe muri sentare mu gihugu cya Misiri kagirizwa gusoma uwo bigana w’imyaka itatu.Se wako yabwiye ikinyamakuru cyigenga al-Mehwar TV ko byose byatangiye igihe se w’umukobwa yamubona asoma umwana wiwe.
Urwo rubanza rwahavuye rurangira igihe umucamanza ajejwe imanza z’abana ahitwa Damanhour, mu buraruko bushyira uburengero bwa Cairo, afatiye ingingo yo gufuta urwo rubanza.Uwo mucamanza yaguye mu nda ako gahungu, imbere yuko akarekura ngo kagende.
Amafoto y’ako gahungu na se batwenga bavuye muri sentare, yahererekanywe cyane ku mbuga hwaniro.Abantu benshi baguma bibaza ingene ibyo byovamwo urubanza.
