Muri uyu mwaka, inzara irageramiye akarere ka Afrika mu buryo budasanzwe. Ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U ryatangaje inzara mu bice vyo muri Sudani yo mu bumanuko. Ikibazo c’ibifungurwa kirageramiye abantu miliyoni n’imiliyoni mu ntara nka zose zigize akarere ka Afrika
Impamvu ziratandukanye hamwe n’inyishu zishikirizwa. Nyamara abahanga bavuga ko ibibazo bikomeye cyane biterwa n’intambara. Inkurikizi z’uruzuba ziza zuiyongeraho ku ngaruka z’intambara nizo zigira uruhare ruini ndetse rukomeye cyane mu gutuma haba ibibazo bikomeye by’inzara.
Uruzuba rurashobora gutuma haba ibibazo bikomeye by’ibifungurwa nyamara naho haba habaye uruzuba rukomeye cyane, haraboneka akaryo k’ukuva muri ibyo bibazo mu gihe imvura yasubira kugwa.
Ikibazo cy’intambara nuko kenshi idaha agahengwe abanyagihugu. Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U ryitaho abana, UNICEF, ryagabishije kw’abana umuliyoni n’ibihumbi amajana ane bashobora gupfa mu bihugu bine, n’ukuvuga Nijeriya, Sudani yo mu bumanuko, Somaliya na Yemeni. Ivyo bihugu uko ari bine biri mu ntamabara canke imigumuko.





