Urwanda ‘ruracyafasha abashaka gutera Uburundi’Inyandiko zo mw’ibanga z’akanama ka ONU kajejwe umutekano kw’isi zirashyira Urwanda mu majwi ko rugikomeje gufasha abashaka gutembagaza ubutegetsi bwa prezida Pierre Nkurunziza.
Inkuru zandikwa n’itohoza ry’amakuru rya Reuters, zivuga ko Urwanda rwagumye rutanga inyigisho, imfashanyo n’imyiteguro y’abo barwanyi.Bamwe mu bategetsi b’ibihugu by’Uburaya bahora bibaza ko ibyo byarangiye inyuma yo gusohora ikindi cyegeranyo mu mwaka uheze, ariko icyo cyegeranyo cy’ubu kivuga ko atari ko bimeze.
Komite y’akanama ka ONU kajejwe umutekano kw’isi gashinzwe iperereza ka kaba kanashinzwe gufata ibihano, kalimo kariga kur’icyo cyegeranyo uyu musi ku wa gatanu.Nikamara kubona ibimenyetso bifatika karahita gafatira ibihano igihugu cy’Urwanda mbere yuko uRwanda rutembagaza intwaro ya Pierre nkurunziza.
Urwanda rwarahakanye rwivuye inyuma ko rutisuka mu bibazo by’Uburundi.Prezida Pierre Nkurunziza yatorewe kurongora ikiringo kigira gatatu mu kwezi kw’indwi umwaka uheze.Imidurumbanyo yadutse mu Burundi inyuma y’aho Prezida Nkurunziza atangarije ko azitoza mu kindi kiringo ca gatatu mu kwezi kwa kani umwaka uheze.Hagaragejwe itembagazwa ry’ubutegetsi italiki 13 ukwezi kwa gatanu, 2015 ariko nta cyo byagezeho.





