Home Inte'l Umushikiranganji Kabarebe ntashobora kwitaba mu Bufaransa (ubuhanuzi)

Umushikiranganji Kabarebe ntashobora kwitaba mu Bufaransa (ubuhanuzi)

0
Gen James Kabarebe ngo ntiyokwitaba abajamanza mu Bufaransa kubera akazi kiwe

Umwunganizi w’umushikiranganji w’u Rwanda ajejwe kwivuna abanzi avuga ko adashobora kwitaba ubucamanza bw’Ubufaransa mw’itohoza kw’iraswa ry’indege ya Habyarimana.

Maitre Bernard Maingain yabwiye BBC ko kubera amabanga ajejwe nk’umushikiranganji w’igihugu, adashobora guhamagazwa n’uwushatse wese ngo ajye kumvirizwa.

Bwana Maingain yagize ati: “Ntushobora guhamagaza umushikirangnaji ajejwe kwivuna abanzi w’u Rwanda, nk’uko udashobora guhamagaza uw’Ubwongereza.”

Uyu munsi n’ejo kuwa gatanu niho byari bitegekanijwe ko abacamanza bo mu Bufaransa, Nathalie Poux na Jean Marc Hebaut, basubiriye umucamanza Marc Trevidic, bumviriza umushikiranganji w’u Rwanda ajejwe kwivuna abanzi.

Guhuza Kabarebe n’icyabona

byari biteganijwe ko abo bacamanza bahuza General James Kabarebe n’icyabona gishyashya kimushinja kugira uruhara mwihanurwa ry’indege ya Prezida Juvenal Habyarimana.

 
Ibisigarira vy’indege ya Prezida Habyarimana yarashwe itariki 06/04/1994

Maitre Maingain yongeyeko yuko ico cabona kidashobora kwizerwa ngo kuko kimaze kuvuga ibintu bibiri bidasa mu kwumvirizwa kwabanje.

Ikibazo c’iraswa ry’indege yari itwaye uwari umukuru w’u Rwanda, Juvenal Habyarimana, hamwe n’uwari umukuru w’u Burundi, Cyprien Ntaryamira, hamwe n’abandi bategetsi, camye gikwega induru hagati y’u Rwanda n’ubucamanza bw’Ubufaransa.

Ubwo bucamanza bukurikirana ico kibazo kubera impfu z’abadereva b’Abafaransa bari batwaye iyo ndege igihe iraswa mw’ijoro ryo kuwa 06/04/1994.

Translate »
Exit mobile version
Skip to toolbar