Ijwi rya Amerika rimenyesha ko ryiyamirije ingingo yo guhagarika ibikorwa byayo byo gutangaza amakuru mu kiringo cyamezi atandatu, yafashwe na leta y’Uburundi; ingingo izatangira gushyirwa mu ngiro kuva kw’italiki ya ’7 y’uku kwezi kwa gatanu.
Umuyobozi w’Ijwi rya Amerika, Amanda Bennett yagize ati: “Twatangajwe n’iyo ngingo yafashwe uyu musi n’urwego rw’igihugu rujejwe ribinyamakuru n’amaradiyo mu Burundi, ibuza iradiyo Ijwi rya Amerika gutangaza amakuru.”
Ati: “Abanywanyi b’iradiyo Ijwi rya Amerika bazeye amaso kw’iradiyo Ijwi rya Amerika, ibaha amakuru y’imvaho; amakuru ataho yegamiye kandi adaca ku ruhande y’ibibera hirya no hino kw’isi, ari nacyo gituma iyo ngingo ibangamiye Abarundi babujijwe kwumva amakuru y’imvaho muri ibi bihe igihugu kirimwo.
Bennett yavuze ko ayo makuru ateye agahinda cyane cyane mur’iki gihe hari haheze umusi umwe mpuzamahanga yibutse umusi mpuzamahanga wahariwe ubwigenge bwo gutangaza amakuru, umunsi usaba ibihugu gukura, aho gushinga inzitizi ku binyamakuru n’amaradiyo.
Ibiganiro vy’iradiyo Ijwi rya Amerika, bizobandanya kwumvikana mu Kirundi no mu Kinyarwanda ku mirongo yacu migufi yitwa shortwave, ku buhinga ngurukanabumenyi hamwe no ku mirongo ya FM mu bihugu bibanyi vy’Uburundi.