Umukuru w’akanama ka Buraya, Jean-Claude Junker, yavuze ko Ubushinwa n’umuryango w’ibihugu bya Buraya (UE) barungikiye ubutumwa isi yose ko ata kugaruka ku vyapfunditswe mu masezerano ya Paris kw’ihindagurika ry’ibihe.
Ivyo yabivugiye mu nama i Buruseli ari kumwe n’umushikiranganji wa mbere w’Ubushinwa, Li Keqiang, inyuma y’umunsi umwe Prezida Trump amenyesheje ko Amerika ivuye mu masezerano yo mu 2015.
Bwana Juncker yavuze ko Ubushinwa na UE bakorana ngo isi igere aho ikoresha amasoko ntanganguvu atonona ibidukikije, kandi ko bitazosubira inyuma mu gihe bizana ivyashara, bigakwega abanyamitahe n’abashakashatsi.Ibyo bihangange ukwo ari bibiri byiyemeje kubungabunga ayo masezerano, cyo kimwe n’igihugu cy’Uburusiya.
Ibihugu by’Ubudagi, Ubufaransa hamwe n’Ubutaliyano byiyamirije ibyo Bwana Trump asaba byo gusubiramwo amasezerano.Prezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron, yavuze ko ata wundi muti woboneka wo kugwanya uruzuba.
Umushikiranganji ajejwe ibidukikije w’Ubuyapani, Koichi Yamamoto, yavuze ko Bwana Trump asa n’uwaciye akabuye k’abagabo.
Umuvugizi w’umunyamabanga mukuru wa Onu Antonio Guterres, yavuze ko ingingo ya Trump iciye amakungu inkokora.
- Solheim: Amasezerano y’i Paris ku hindagurika ry’ibihe azogumaho
- Onu isaba Amerika gushigikira amasezerano ya Paris
Ku rundi ruhande, aba Républicains bo ku nzego zo hejuru hamwe n’abakora mu gice cy’inganda na mazutu, bashimye perezida Donald Trump kugaragaza aho ahagaze.
Bwana Trump yasobanuye ko ayo masezerano asa n’ayaba yaje “guhana” Amerika no kwanga abanyamerika ubuzi bubarirwa mu ma miliyoni.
Mw’ijambo yashikirije mu biro White House, yavuze ko yiteguye kwumvikana ku masezerano mashyashya cyangwa akinjira mu ya kera ariyo yabanje gushyirwaho umukono.
Amasezerano ya Paris asaba Amerika n’ibindi bihugu 187 kugerageza ubushuhe ntibwiyongere kuri 2C (ku bipimo bibiri bya Celsius), aho bizashoboka ntiburenze 1.5C.
Trump avuga ko amasezerano ya Paris ukwo ari muri kino gihe yotuma Amerika itakaza imiliyardi $3000 ku umusaruro w’igihugu n’ubuzi imiliyoni 6.5 mu gihe ubutunzi bw’Ubushinwa hamwe n’ubw’Ubuhindi buzaguma bwifashe neza.
Bwana Trump ntiyatanze ikirangaminsi cy’ukuntu agiye kuva muri ayo masezerano, ariko ukwo amategeko atunganijwe, ngo igihe cyose kirashobora kurangira atarabigeraho.
