Home News Uburusiya bugiye kwirukana abaserukira amerika 30

Uburusiya bugiye kwirukana abaserukira amerika 30

0

Uburusiya buritegura kwirukana abakozi 30 baserukira Amerika no kwigarurira ibyo amerika itungiye muri icyo gihugu mu kwishura ku bihano bya Amerika, nk’uko bivugwa n’abategetsi b’Uburusiya.

Iryo gabisha n’iryo mu bushikiranganji bw’imigenderanire n’amakungu bw’Uburusiya bikaba byanditswe mu kinyamakuru cya Daily Izvesta.

Mu kwezi kwa cumi na kabiri ubutegetsi bwa Obama bwirukanye abaserukira Uburusiya 35 bunigarura ibyicaro bibiri by’iperereza ry’icyo gihugu.Izo ngingo ni izo kwishyura kubivugwa ko Uburusiya bwivanze mu matora yo muri Amerika.

Uburusiya bwari busanzwe bwarafatiwe ibindi bihano na Amerika.

Ibirego byo kwiba amabanga muri Amerika: Obama yabwiye Putin kubihagarika

Uburusiya bugiye kwirukana abaserukira Amerika 35

Ubutegetsi bwa Trump buriko buragirwako amatohoza kubera ibivugwa ko Uburusiya bwivanze mu matora y’umwaka uheze, ariko ico gihugu kiguma kibihakana.

Ibiro by’iperereza by’Uburusiya ubutegetsi bw’America bwatwaye ku ntwaro ya OBAMA.

Translate »
Exit mobile version
Skip to toolbar