Félix Tshisekedi yashyikirijwe ubutegetsi agiye kuyobora igihugu cya Congo ni umuhungu w’umunyapolitike witaby’Imama, atavugaga rumwe n’ubutegetsi, Etienne Tshisekedi Félix Tshisekedi.Arasa na Kabila Desire papa wa Joseph Kabila?
Umukuru w’igihugu mushyashya wa Congo, Félix Tshisekedi yashikirijwe ku mugaragaro amabanga yo kuyobora igihugu cya Repubulika y’Intwaro rusangi ya Congo, mu birori vyo kurahizwa byabereye ku murwa mukuru Kinshasa.
Mw’ijambo yashyikirije ahejeje kurahira Perezida mushyashya Félix Tshisekedi, yavuze ko agiye gusangiza ubutegetsi abo bahiganwaga Martin Fayulu na Emmanuel Shadari.
Bwana Tshisekedi yashyikirije ijambo imbere y’umukuru w’igihugu cya Kenya n’abandi baserukiye ibihugu byabo, yavuze ko agiye gukora ngo azamure ubuzima bw’abanyagihugu, yongere abanywanishe abanyagihugu.
Mu makuru aturuka mu binyamakuru bya Congo, abakuru b’ibihugu 17 nibo bari batumiwe, ariko hariho abashimye kurungika ababahagaririye.
Akanama kajejwe amatora mu gihugu kamenyesheje ko Félix Tshisekedi ariwe yarushije amajwi abo bahiganwa ga mu matora, Martin Fayulu nawe nyine atavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe na Emmanuel Shadari wo mu runani rwegereye ubutegetsi.
Perezida Joseph Kabila agiye gutanga ubutegetsi, yakeje umukuru w’igihugu mushasha Félix Tshisekedi avuga ko amushyikirije ubutegetsi nta ngingimira.
- Amerika yiyemeje gukorana na Prezida mushasha wa Kongo
- Imyigaragambyo yahamagajwe na Fayulu yitabiriwe n’abantu mbarwa
- Felix Tshisekedi yipfuza kuramutswa igihugu ca Repubulika y’Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo)
Abategetsi bo mu karere hamwe n’amakungu bakeje intsinzi ya Félix Tshisekedi, itumvikanyweko na bose mu gihugu cya Congo.
Umuryango w’Ubumwe bwa Afrika wavuze ko ufite “impungenge zikomeye” ku byavuye mu matora, mu gihe umukandida watsinze amatora Martin Fayulu yemeza ko ariwe yatsinze.
Mu nyuma uwo muryango cyo kimwe n’igihugu cya Leta Zunze Ubumwe za Amerika barakeje Félix Tshisekedi.
Nguku uko abategetsi ba Congo bagiye babisikana kuva ku mukuru w’igihugu wa mbere Joseph Kasavubu

Félix Tshisekedi asubiriye ku butegetsi Joseph Kabila yaramaze imyaka 18 atwara inyuma yaho se, Laurent-Désiré Kabila yiciwe n’uwamucungera ubuzima.
Se wiwe Kabila yari yatembagaje ubutegetsi bwa Maréchal Joseph-Désiré Mobutu mu 1997, mu gihe Mobutu nawe,uwo yasimbuye yari yamuhiritse kubutegetsi, umukuru w’igihugu wa mbere Joseph Kasavubu.
Ibisikanya ry’uno munsi naho ribaye mu mahoro, intsinzi ya Félix Tshisekedi ntiyemewe na bose, ndetse uwo bahiganwa w’ijunja Martin Fayulu akaba yavuze ko ari “ihirika ry’amatora”, ko ariwe umukuru w’igihugu w’ukuri. Amajwi yemera ayagabangana mu buryo bukurikira:
Ekleziya Gatolika yarungitse abantu 40000 gukurikirana amatora mu gihugu cyose, yavuze ko izi uwatsinze amatora naho itashatse kumudomako urutoke.Umukuru w’igihugu mushasha yemeye ariko ko agiye gusangiza ubutegetsi n’abo bariko barahiganwa.