HomeJusticePrezida Kenyatta asaba abanyagihugu kubumbatira amahoro

Prezida Kenyatta asaba abanyagihugu kubumbatira amahoro

Umukuru w’igihugu cya Kenya, Uhuru Kenyatta, yasabye abanyagihugu kubumbatira amahora inyuma yaho Sentare Ntahinyuzwa imenyeshereje ko ibyavuye mu matora bibgizwe imfagusa, igasaba ko hatunganywa amatora mashasha.

Ashikiriza ijambo abanyagihugu, Prezida Uhuru kenyatta yagize ati: “Umubanyi nagume ari umubanyi, utarabye ibyiyumviro byiwe bya politike, idini cyangwa uburyo asa”.Yavuze ko atemera uko  urubanza rwaciwe, ariko avuga ko yemeye ingingo yurukiko rwikirenga yafashe.

“Abo bantu batandatu, bafashe ingingo ko baja kubiri n’aho abanyagihugu bishiriye. Abakenya batoye abashingamateka benshi ba Jubilee, abakenguzamateka benshi ba Jubilee, abagore benshi ba Jubilee mu baserukira abandi, abajenama benshi ba Jubilee,” niko yavuze.

“Turiteguye gusubira mu banyagihugu, dufise imigambi nkiyo twabashikirije, iyo kunywanisha abanyagihugu, gushinga umugambwe w’igihugu, guteza imbere igihugu.”Nta ndwano turimwo na bagenzi bacu tutavuga rumwe.

“Abantu bari ku rushi, abantu batandatu, ntibashobora guhindura ibyifuzo by’abakenya imiliyoni 40. Abakenya nibo bazihitiramwo, ni nakwo demokrasi imeze.”Ariko abemerewe gutora abayobozi b’abakuru b’igihugu biyandikishije ni miliyoni 19 bafite imyaka yubukure.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments