HomeJusticeKenya: Chebukati yavuze ko abatovye amatora bazokurikiranwa

Kenya: Chebukati yavuze ko abatovye amatora bazokurikiranwa

Umukuru wa kanama kajejwe amatora muri Kenya IEBC, Wafula Chebukati, yavuze ko abantu bose batovye amatora bakwiye kubibazwa.

Yavuze ko abakozi ba IEBC bagenywe gukurikirana amatora, basanze hari abandi bakibandanya imirimo batigeze bahindugwa.

Bwana Chebukati avuga ko “akanama kazotegerezwa guhindura bamwe mu bakozi” hageze gutunganya ayandi matora.

Yasavye ubushikirizamanza bwa Kenya gukora itohoza, ngo bushikirize ubutungane abo bose batovye amatora.

Yongeye asaba Sentare Ntahinyuzwa gutanga vuba icegeranyo ca nyuma c’icatumye ifata iyo ngingo, ngo akanama gashobore kwitegurira gusubirishamwo amatora.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments