Iri hinduka mu gihe cy’itegurwa ry’amatorwa rivugwa ko bike ugereranije n’igarukanwa rya General John Numbi Tambo Banza mu nzego nkuru z’umutekano.
Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yiyamirije igarukanwa rya General John Numbi.Yagenywe kuba umugenzuzi mukuru wa gisirikare.General Numbi yarongoye igipolisi cya Kongo kuva mu 2007 gushika mu 2010.
Yakuwe mur’ayo mabanga inyuma y’igandagurwa rya Floribert Chebeya, umwe mu ndongozi z’abaharanira agateka ka zina muntu muri Kongo.
Yiciwe mu kigo cy’ibiro bikuru by’igipolisi.Umuvugizi wa leta, Mende abona ko General Numbi ubu yera:” Urukiko nirwo rwerekana ko kanaka ariwe munya cyaha…”
Lambert Mende yasiguriye BBC ati, ” Uko biri rero, urwego rw’ubucamanza muri Kongo nta cyaha bwagirije General Numbi.”
Kuri Lambert Mende, ”Kuvurwa mu rubanza ntibivuga ko uba uri umunyacaha”.
General Numbi kandi ari mu bakuru batandukanye bafatiwe ibihano n’ibihugu nka Amerika, ubumwe bw’ibihugu bya bulaya hamwe n’Ubusuwise.
Ubwicanyi n’ayandi makosa ya gisirikare nivyo bamwagiriza.
- Amerika yafatiye ibihano abasirikare bakuru ba RDC
- DRCONGO:Abapolisi bishe Chebeya bakatiwe urupfu
- Kaminuza zo muri Kongo zirasaba Perezida Joseph Kabila kuva ku butegetsi
Umuvugizi wa leta, Lambert Mende nt’abiteba ko :
”Haba muri Kongo, muri Amerika, muri Senegal, umucamanza niwe wenyine afite ububasha bwo kwemeza ko umuntu yakoze icyaha.”
Abandi Perezida Kabira yagennye ni nka Celestin Mbala, afite ipete rya Lieutenant General. Yagizwe umukuru w’igisirikare cya Kongo.Uwundi ni Gabriel Amisi w’ipete rya Major General, yajejwe abakozi, ibikorwa n’igenzura mu gisirikare.
Nawe nyene ari mu bihano vy’ivyo bihugu rutura, bimwagiriza ahanini igurishwa ry’ibirwanisho ku mirwi y’abarwanyi.
Ni urwego rwa kabiri rukomeye mu gisirikare cya Kongo.Iri genwa ribaye mu mwiteguro w’amatora y’umukuru w’igihugu ateganijwe kuwa 23 z’ukwa cumi na kabiri.





