Igihugu cya Irani citwariye Reta zunze ubumwe z’Amerika murukiko mpuzamakungu, International Court Justice, ICJ mu mpfunyapfunyo y’icyongereza, ku ngingo Perezida Donald Trump yafashe yo gusubizaho ibihano icyo gihugu cyari cyarakuweko inyuma y’amasezerano mpuzamakungu yo mu mwaka wa 2015 ku birwanisho vya Nikleyeli.
Itangazo ryashikirijwe nurwo rukiko rwa ONU kuri uyu wa kabiri, rivuga ko Irani igisaba Amerika gukuraho ibyo bihano.Leta zunze ubumwe z’Amerika ibicishije ku muvugizi wa deparitema ya leta yavuze ko uko kwitwara kwa Irani nta gaciro guhabwa.
Ayo masezerano yo muri 2015 hagati ya Irani hamwe n’ibihugu bitandatu rutura kw’isi—Ubwongereza, Ubushinwa, Ubufaransa, Ubudagi, Uburusiya hamwe na Leta zunze ubumwe z’Amerika, yari yatumye Irani gikurwako ibihano muvy’ubutunzi, nacyo cyemera guhagarika porogarame yacyo ya Nikleyeli.
Perezida Trump yakuye Amerika muri ayo masezerano mu kwezi kwa gatanu, mu kuvuga ko yari amasezerano mabi, asubizaho ibihano mu kwezi kwakurikiye.





