Ishyirahamwe mpuzamakungu ONU rigabisha ko amahano ku kiremwa muntu atagira izina ari mu kwaduka mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo.
Ishami rya ONU rijejwe impunzi, HCR, ryavuganye n’abantu bahunze bava mu ntara ya Tanganyika, bavuga amahano bahaboneye y’ubwicanyi bukomeye mu bigwati byabo.
Bavuga ko kiretswe kwicwa, ngo abantu barasambanywa ku nguvu abandi bakanyuruzwa.
Ku banyagihugu bashyika imiriyoni zitatu, abashika ibihumbi 630 bateshejwe izabo, icyo gitigiri kikaba gikubye kabiri icyabonetse haciye amaze cumi n’ane.
Kuva mu kwezi kwa mbere, imirwano ikomeye yaradutse hagati y’igisirikare cya Kongo n’imigwi y’itwaje ibirwanisho yo muri ako karere.