HomeGreat LakesAbagera kuri miliyoni yabanyeCongo,bamaze Guteshwa Ingo zabo muri Kasai

Abagera kuri miliyoni yabanyeCongo,bamaze Guteshwa Ingo zabo muri Kasai

Abanyagihugu b’i Mbuji Mayi, muri Kasai y’ubuseruko bahunga uruhagarara.

Ikigo cya ONU kijejwe gutunganya imfashanyo, OCHA, cyatangaje kur’uyu wa gatanu ko abasivile bashyika miliyoni aribo bamaze guta ingo zabo mu ntara ya Kasaï, iri hagati muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo kuva hatanguye ugutana mu mitwe hagati y’abarwanya leta n’abajejwe umutekano.

Kuva italiki ya mbere, ukwezi kwa kane 2017, Ocha itangaza ko imaze kwakira impunzi zigera kuri miliyoni n’ibihumbi mirongo icyenda by’abahungiye hagati mu gihugu muri Kasai yo hagati, iyo mu majyaruguru, Kasai, Lomami na Sankuru.

Yvon Edoumou, ajejwe kumenyesha amakuru muri Ocha, yatangaje ko mubindi bice by’igihugu, abashyika imiliyoni ebyiri bamaze guhunga ingo zabo mu ntara za Kivu y’ajyaruguru, Kivu yamajy’epfo, Ituri na Tanganyika mu bumanuko bushyira amajyaruguru.

Kuva m’ukwezi kw’icyenda 2016, intara zo hagati muri Kongo ziri m’uruhagarara rwatewe n’ugutana mu mitwe hagati y’abajejwe umutekano n’umutwe w’abarwanyi biyitirira umukuru Kamwina Nsapu, yishwe n’abajejwe umutekano.

Mur’icyo gice, ONU yatohoje ibinogo 40 byahambwemwo benshi kuva urwo ruhagarara rutangiye.

Save

Save

Save

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments