Koreya ya ruguru yagerageje ikindi gisasu, ikaba igeze ku gisasu cya nucleaire kigira gatandatu igeragereza mu kuzimu, mu kiringo c’imyaka nka cumi.
Igihugu cy’Ubuyapani cyemeza ko igisasu cyageragerejwe mu kuzimu na Koreya ya ruguru kiruta ubukomezi incuro icumi, icyo baheruka kugerageza umwaka uheze.
Abajejwe kugenzura za nyamugigima mu Buyapani, bavuga ko ku byuma byabo byo gusuzuma urugero rwo kunyiganyiga kw’isi, byerekana ko ubushobozi bw’icyo gisasu bwangana na nyamugigima igera ku bipimo 6.3 ku rugero rwa Ritchter muri ako karere.
Umushikiranganji w’imigenderanire w’Ubuyapani, Taro Kono, yateye ivyatsi iryo gerageza ry’igisasu avuga ko ritari iryo kwihanganirwa.
Perezida wa Koreya y’epfo Moon Jae-in, yahamagaje umubonano wihuta w’abagize inama y’umutekano y’igihugu cyiwe.





