HomeJusticeKoreya ya Ruguru Yagerageje Ikirwanisho Ruhonyanganda!

Koreya ya Ruguru Yagerageje Ikirwanisho Ruhonyanganda!

Ambasaderi wa Leta Zunze Ubumwe z’Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Nikki Haley yatangaje k’igihe kigeze ko bakoresha uburyo bwose bushoboka bwerekeye ibiganiro imbere yuko igihe kirengana

Urwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rujejwe kubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi ruriho ruragirisha ibiganiro byihutirwa, inyuma yuko igihugu cya Koreya ya ruguru kigerageje ikirwanisho ruhonyanganda gikomeye cyane mu bitari bwabe gushyika ubu.

 

Ibyo kandi ni mu gihe abategetsi ba Koreya ya ruguru bariho bitegurira kugerageza iyindi misile balistike.

Ambasaderi wa Leta Zunze Ubumwe z’Amerika mu ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Nikki Haley yatangaje ko igihe kigeze ngo bakoresha uburyo bwose bushoboka bwerekeye ibiganiro mbere yuko igihe kirengana. Nikki Haley yavuze ko bategerezwa gufata ingingo zikomeye cyane zishoboka zose.

Yamenyesheje k’umutegetsi wa Koreya ya ruguru, Kim Jong Un ariho arondera inrwano bivuye ku ngingo ariko arafata.

Atangaza ko Leta Zunze Ubumwe za Amerika zidashaka indwano, ko nyamara ukwihangana bifite aho bigarukira.

Koreya ya ruguru yagerageje ikirwanisho ruyonyanganda mu bugira incuro ya gatandatu ku munsi w’Imana urangiye. Abategetsi ba Koreya ya ruguru batangaza kw’icyo kirwanisho kirusha inguvu incuro cumi ikirwanisho Koreya ya ruguru yagerageje incuro igira gatanu haheze umwaka.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments