Leta ya Kenya yatangaje ko uruzuba rwashegeshe uturere mirongo ibiri na dutatu ari amahano ku rwego rw’igihugu cyose.
Umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta yasabye imfashanyo ku rwego rw’igihugu hamwe no ku rwego mpuzamakungu, kugirango leta ishobore kugarukira ku bafite ikibazo cy’inzara mu kubaronsa ibifungurwa n’amafaranga.
Bwana Kenyatta yashimangiye ko ibifungurwa vyose hamwe n’ibindi bikenewe bizogurwa ku mugaragaro.Yavuze kandi ko leta izohana bimwe bikomeye abazogerageza kwikika mu kiza ngo bungukire muri ibi bikorwa.Igiturire mu gihugu ca Kenya gisanzwe ari ikintu cigaragaza cyane.





