Ibiro by’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bijejwe kw’itaho impunzi kw’isi HCR bigabisha ko ubuzima bw’impunzi z’abarundi bari mu makambi y’impunzi mu bihugu bibanyi, bugenda butosekara. Ivyo biro bivuga kandi ko hakenewe byihuta ibindi bibanza byo kwakiramwo impunzi zibandanya gushika muri izo nkambi.
Igihugu ca Tanzaniya, Rwanda, na Republika iharanira Demokarasi ya Kongo byakiriye impunzi z’abanrundi bagera ku 386,000. Ibyo biro bya ONU bigereranya kw’icyo gitigiri cy’impunzi gishobora gushika kubihumbi amajana atanu muri uyu mwaka, mugihe abantu babandanya guhunga indyane za politike n’ihohotera rya kiremwa muntu mu Burundi.
Umuvugizi wa HCR Leon Dobbs abwira Ijwi ry’Amerika ko hariko amaraporo yerekeye inyuruzwa ry’abantu, ubwicanyi bugigwa kubantu batandukanye, kumwe n’ubwicanyi bugigwa na leta, kandi ibitigiri vy’abantu amajana n’amajana babandanya guhunga buri cyumweru.
N’ukwo biri ukwo, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu Burundi, bumenyesha ko abarundi barenga ibihumbi ijana bamaze guhunguka bava cyane cyane mu gihugu ca Tanzaniya. Bumenyesha kandi ko naho Uburundi bufise impunzi mu bihugu bibanyi, na bwo bubandanya kwakira impunzi. Ubushikiranganji bumenyesha kandi ko Uburundi buhaye indaro impunzi zigera ku bihumbi 58, abanshi muri bo ni Abanyekongo.





