Abapolisi barashe imyuka ibababaza mu maso, bariho bashwiragiza abantu bariho bagira imyiyerekano mu gace kitwa Kibera, kari mu micungararo y’umurwa mukuru Nairobi. Bongeye barashinga ibirindiro imbere y’ibibanza byo gutoreramwo.
Iyindi migumuko yabaye kandi mu gisagara cya Kisumu kiri mu burengero bw’igihugu. Aho ibibanza byo gutoreramwo birenga 20 byugawe, mu gihe abajejwe ibyo bibanza bari bamaze kunyaga amagara.
Umugabo umwe yishwe arashwe mu gisagara cya Kisumu, igihe abantu bariho baragira imyiyerekano batana mu mitwe n’abapolisi, nk’uko amakuru yatangajwe n’igipolisi abivuga.
Ayo matora agira kabiri, abaye hari haheze ikiringo kirenga amezi abiri, Perezida Uhuru Kenyatta atsinze amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora yahavuye ahakanwa na sentare nkuru y’igihugu, yavuze ko yari yabayemwo amahinyu menshi, yatowe n’umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora..
Nyamara n’iryo subirwamwo ry’ayo matora ryabaye mu kajagari kenshi. Umukuru w’urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na leta, Raila Odinga, yaratangaje kw’akuye akarenge mur’ayo matora agira kabiri mu byumweru bibili bishize. Yasiguye kw’umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora, utakosoye utunenge twari mu matora y’incuro ya mbere, maze aca atera akamo abanywanyi biwe, kabasaba kutitaba ayo matora.
Haheze icyumweru kimwe, umwe mu bari bagize umurwi ujejwe gutunganya amatora, Roselyn Akombe, yaciye atanga imihoho ahita anahunga igihugu. Icyo gihe yavuze kw’afashe iyo ngingo kuko yabonye umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora ugeramiwe n’indyane ziri hagati y’abanyapolitike bo ku mpande zose, baguma baturubika abagize uyo murwi.
Umusi umwe imbere y’uko amatora aba, Raila Odinga yaciye asohora itangazo rivuga kw’urunani rutavuga rumwe na leta arongoye, rugiye guhinduka umutwe ugiye kuwana.
Sentare nkuru y’igihugu yari yategekanijwe kwumviriza urubanza rwari rwashinzwe n’abanyagihugu batatu, rwasaba guhagarika ayo matora agira kabiri. Nyamara urwo rubanza rwahavuye rusibishwa, inyuma y’aho umutegetsi ajejwe ubutungane mu gihugu cya Kenya, David Maraga, atangarije kw’ata gitigiri gikwiye cy’abacamanza, babonetse.
