Indege nini cyane kw’isi ishobora kugwa no kuguruka iva ku mazi yo mu Bushinwa ya AG600, yagize urugendo rwayo rwa mbere isaha yose.
Iyo ndege nini ishaka kungana na Boeing 747 ifite imoteri 4, yagurutse iva ku kibuga cya Zhuhai mu ntara iri mu bumanuko bwa Guangdong.
Iyo ndege ishobora gutwara abantu 50, ikaba ishobora kuguma mu kirere amasaha 12.Ifite ibikoresho byo kuzimya umuriro kandi ishobora gukora akazi ko gutabara abantu mu nyanja, no kujya mu karere karimo amatati mu bumanuko mu nyanja y’Ubushinwa.
Ubushinwa bwaronse ubwato bushyashya bw’indwano
Ibimenyeshamakuru vyo mu Bushinwa byise iyo ndege ko ari umunyeamu w’ibahari n’amazinga.
Ukuguruka kw’iyo ndege kwatangajwe ikibiriraho kuri TV y’igihugu, abantu benshi bakaba baje kuyishengerera bafite amabendera igihe yagwaga byafashe imyaka umunani kugirango hakorwe iyo ndege ifite uburemere bw’itoni 53.3.
Ubushinwa bwamuritse indege nini ya mbere bwakoze
Hamaze kuboneka amasoko 17 yo gukora indege nk’iyo hagati mu gihugu cy’Ubushinwa.Politike y’ibahari y’ubushinwa mu bumanuko iriyamirizwa n’ibihugu byinshi bihana urubibe.
