HomeJusticeimpunzi zo muri IRAQ zahawe ibifungurwa bihumanye!

impunzi zo muri IRAQ zahawe ibifungurwa bihumanye!

Abantu amajana n’amajana bararwaye n’umwana umwe yitaby’Imana, azize ibyo kurya bihumanye, ababishinzwe bavuga ngo,ibyo byo kurya byarimo udukoko, twabateye indwara aho bari mw’ikambi iri bugufi bw’igisagara cya Mosul.

Bivugwa ko abantu batangiye kuruka no gucibwamwo inyuma yo gufungura ku mugoroba bafunguye (ifutari), ubona ko bari mu kiringo cy’amafungo ya Ramadhani.Ikambi ya Hasansham U2, iri hagati ya Mosul na Irbil, irimwo abantu bo muri Irak baje bahunga abarwanyi ba IS.rba IS bariho barakora uko bashoboye ngo bazunguruke uburengero bw’igisagara cya Mosul.

Igisirikare cya Irak cyisubije hamwe muri Mosul

Imirwano ikomeye mu burengero bwa Mosul muri Irake

ONU ivuga ko abanyagihugu aribo bagorewe mu rugamba na IS

Ishirahamwe rifasha impunzi kw’isi, HCR rivuga ko hamaze kugwara abantu bashika 800, mu gihe abashika 200 bamaze gushikanwa mu bitaro.Iyo kambi n’imwe muri 13 zubatswe na HCR mu karere ka Mosul zo kwakira impunzi zije zihungira mu gihugu hagati zivuye mu gisagara.

Iyo kambi irimwo abantu 6235.Abasirikare ba Irak bashigikiwe n’abarongowe n’igisirikare cya Amerika batanguye igikorwa cyo gutuza abagwanyi ba IS mu gisagara cya Mosul mu kwezi kwa cumi umwaka uheze.

Save

Save

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments