Home News Imana yambujije gutukana

Imana yambujije gutukana

0
Ayo magambo prezida Duterte yayumvise ari mu ndege ajya mu gihugu cy’Ubuyapani

Prezida wa Philippine Rodrigo Duterte, yiyemeje guhagarika gutukana inyuma y’icyo yise ubutumwa buvuye ku Mana.

Uwo mukuru w’igihugu, yise prezida Obama “umwana w’imaraya” akongerako ko uwo mutegetsi ashobora “kujya mu muriro udahera”, yavuze ko yiyemeje ibyo inyuma y’aho ubutumwa buvuye ku Mana igihe yari mu rugendo mu Buyapani.Yaratutse n’abandi bantu rurangiranwa.

Yise umukuru wa Ekleziya Katolika kw’isi, Papa Francis “umwana w’imaraya”(Philippine n’igihugu kirimo abakatolika benshi).

Yarigeze kandi gutuka umushikiranganji w’imigenderanire wa Amerika, John Kerry, ko ari “umusazi”, hanyuma mu misi iheze yavuze ko uwuserukira Amerika muri Philippine akundana n’abo basangiye igitsina kandi ko ari umwana w’imaraya”.

Prezida Duterte yavuze ko igihe yari mu ndege, abantu bose basinziriye, yumvise ijwi rimugabisha: udahagaritse, iyi ndege ndayikorora.

Yavuze ko iryo jwi ryavuze ko ari iryo Imana.Yemereye abantu bari bakoraniye mu gisagara avukamwo c Davao ko ivyo yemereye Imana bisa n’ivyo yemereye abanye Philippine.Prezida Duterte ni umutegetsi politike yiwe n’ibyo avuga bitera impaka cyane  akenshi na kenshi abantu iyo baganira kubyo yavuze.

Yize ivyerekeye amategeko, araduga gushika aho aba umushikirizamanza wa republika imbere y’uko aba icyegera c’umukuru w’igisagara cya Davao igihe haba itembagazwa ry’ubutegetsi bwa Ferdinand Marcos mu 1986.

Yabaye umukuru w’icyo gisagara mu 1988, akora ako kazi imyaka 10, imbere y’uko aba umushingamateka, hanyuma asubira kuba umukuru w’igisagara kandi mu 2001.

Yamenyekanye cyane mu gutuza zimwe mu ngorane zari zihanze abanye Philippine, ubwicanyi, imirwi y’abarwanyi n’ibiturire.

Ibyo byose byaragabanutse ku rugero runini cyane igihe yari umukuru w’igisagara cya Davao, bituma icyo gisagara kiba kimwe muyirangwamo umutekano muri Philippine.

Perezida Duterteyavuze ko ariko arategura kazoza keza k’abanye Philippine

Mu misi iheze yagereranije intambara arimwo yo kugwanya abadandaza ibiyovyabwenge nk’intambara ya kabiri y’isi yose.Yavuze ko ashobora kwica abacuruza ibiyobyabwenge benshi bangana n’abayahudi Hitler yishe.

“Hitler yishe abayahudi imiliyoni zitatu… hari abadandaza ibiyayuramutwe imiliyoni zitatu. Na nezezwa cyane mbishe,” ni ko yavuze.Abayahudi barenga imiliyoni zitandatu barishwe n’abanazi bari barongowe na Hitler.

Translate »
Exit mobile version
Skip to toolbar