Amahera imiliyoni $9.7 yatowe mu nzu y’uwahora arongoye ishirahamwe ry’igihugu ry’ibitoro, nkuko ikigo gifasha kugwanya ibiturire mu gihugu cya Nigeria cyabimenyesheje mu mafoto cyacishije kuri Facebook.Abakozi bo mu kigo “Economic and Financial Crimes Commission” (EFCC) bagize igitero kuri iyo nyubakwa itariki 3 Ukwezi kwa kabiri
“Isekeza rihambaye…mu nyubakwa y’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ry’ibitoro ry’igihugu “National Petroleum Corporation” (NNPC), Dr.Andrew Yakubu, i Kaduna ryatumye hatorwa amahera imiliyoni $9.7 hamwe na £74,000 mu noti. Izo noti zari zihambiye zari zinyegeje mu bubiko budashobora gufatwa n’umuriro.”
Ayo mahera yashoboye gutorwa inyuma yaho ikigo EFCC kironkeye amakuru ajanye n’ibyo byaha, niko icyo kigo cyanditse mu itangazo casohoye.
Bwana Yakubu yaritavye ku biro by’icyo kigo kiri mu buraruko bw’igisagara cya Kano, aremera ko ayo mahera yatowe ari rwiwe asigura ko arayo yagabiwe n’abantu atashatse kuvuga amazina, niko itangazo rivuga.Uwo mugabo yafashwe yatwaye iryo shirahamwe ry’ibitoro ry’igihugu imyaka ibiri kuva mu 2012.





