
Perezida Donald Trump ashyikiriza umugambi wo kurwanya ibiyayuramutwe i Manchester, muri leta ya New Hampshire, USA. Itariki 19/03/2018.
Mw’ijambo yashikirije mu gisagara ca Manchester, muri reta ya New Hampshire, Trump yemeje ko agiye gufata ingingo izotuma abana babaho batanywa ibiyayura mutwe, avuga kandi ko kugira uwo mugambi utsinde ari ngombwa ko ahangana n’abadandaza ibiyayuramutwe ubutakigaruka.
Trump aranegura itegeko ririho ubu muri Amerika ryemerera abadandaza ibiyayuramutwe bishobora kwica ibihumbi vy’abantu mu bihe vy’ukubaho kwabo ariko ababigurisha bagafungwa igihe gito.
Igice ka kabiri c’uyu mugambi wa Trump ni ukwugara imbibe ivyo bidandazwa bicamwo kugira bishikire Abanyamerika. Trump yabwiye abariko baramwumviriza ko igihugu gikeneye uruhome rukomeye mu gice c’ubumanuko bw’igihugu no guhangana n’ibisagara avuga abo badandaza ibiyayuramutwe binyegezamwo.