HomeNewsIdini ry'aba Jehovah rigiye gufungwa mu Burusiya.

Idini ry’aba Jehovah rigiye gufungwa mu Burusiya.

Umushikiranganji w’ubutungane w’Uburusiya avuga ko bimwe mu bitabo byabo bya Jehovah bibiba urwanko mu bantu bababuza gusabana na bandi bantu badasengana murusengero rumwe.

urukiko rukuru rw’Uburusiya yatanguye kwumviriza urubanza rwashingishijwe na Leta, isaba kwihanikiza idini ry’Ibyabona bya Jehovah (Témoins de Jehovah), no gufata abantu b’uwo mugwi nk’intagondwa.

Ubushikiranganji bw’ubutungane bwamaze gushira uwo mugwi, ufise icicaro gikuru iruhande ya St Petersburg, ku rutonde rw’imigwi y’intagondwa.

Abantu barenga imiliyoni [7] kw’isi bari mur’iryo rusengero ruzwi ko ruva ku muryango umwe rujya ku wundi, igihe rushakisha abanyamuryango bashyashya.Iryo sengero rifite abanyawanyi 175 000 mu Burusiya hamwe n’amashami 395 mu gihugu.

Mu gihe urubanza rwatangiye kuri uno munsi wa gatatu i Moscou, abahanga mu by’amategeko baserukira iryo sengero bashingishije urundi rubanza, rusaba ko urukiko rwemeza ko abanyarusengero babo bahohoterwa, kw’byo minisiteri yubutabera ko yakoze  ibiteye ukubiri n’amategeko.

Ubwo bushikiranganji buvuga ko ibikorwa by’ Ibimenyetso bya Jehovah “biteye ukubiri n’itegeko ry’Uburusiya mu kurwanya intagondwa” kandi ko ibitabo byaba byigisha kwanga abantu bo mu yandi masengero.

Uwuserukira iryo sengero Yaroslav Sivulsky, yabwiye BBC ko uwo muhari nta kintu na kimwe ufite cy’intagondwa, yavuze ko nta na rimwe urukiko rwali  rwigera rwumviriza ibyo bireguza.

Mu gitabo kimwe c’aba Jehovah, havugwa ko umwanditsi Leo Tolstoy, yavuze ko ishengero ry’iki Orthodox rikora ibijanye n’uguhamura hamwe n’ivy’ukuroga, nkuko umumenyeshamakuru wa BBC Sarah Rainsford yavuze.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments