HomeEconomyIbirwanisho ruhonyanganda by'Uburusiya biri ku rundi rwego

Ibirwanisho ruhonyanganda by’Uburusiya biri ku rundi rwego

Perezida Putin avuga ko yategerezwa guhiganwa na Amerika mu guhingura ibirwanisho bigezweho

Umukuru w’igihugu cy’Uburusiya, Vladimiri Putin, yatangaje ko icyo gihugu gifite urunganda rushyashya rw’ibirwanisho ruhonyanganda, ngo harimwo igisasu cya “missile ballistic” cyoraswa aho ariho hose kw’isi.

Mw’ijambo ryerekana ukuntu igihugu gihagaze yashikirije imbere y’uko haba amatora y’umukuru w’igihugu, yavuze ko izo missile zishobora gutwara udutwe twinshi tw’ibirwanisho ruhonyanganda, ngo kandi ntizizibirwa.

Yanatangaje ko Uburusiya buriho buragerageza indege nshyashya itagira umudereva ishobora gutwara igisasu ruhonyanganda, ikaguruka ivuye ku bwato bugira munsi y’ukuzimu, submarine mu Cyongereza.

Yavuze ko Uburusiya bwategerezwa kugira icyo bukora mu guhiganwa n’ukwiyubaka kw’igisirikare cya Leta Zunze Ubumwe za Amerika, imbere y’uko ibirwanisho ruhonyanganda Uburusiya bwari busanganywe biba impfabusa.

Uburusiya bwarigeze kwagiriza Amerika kuba irenga ku masezerano yo kugabanya ibirwanisho nk’ibyo, mu kurungika ibirwanisho bikomye i Buraya.

 
Putin avuga ko Uburusiya bufite igisasu cya missile ruhonyanganda gishobora kuraswa aho ariho hose kw’isi

Amatora arimirije

Bwana Putin ahanganye n’abantu indwi mu matora yo kw’itariki 18 ukwezi kwa gatatu, naho ata n’umwe muri bo yitezwe gukwega abamushigikira benshi.

Umukuru w’igihugu nta kintu gihambaye yavuze ashikiriza imigambi yiwe, ari kumwe n’abandi bakandida ku munsi wa gatatu.

Uwabuze muri ibyo biganiro byo kuri televiziyo n’uwo batavuga rumwe Alexei Navalny, yabujijwe kwitoza, munyuma asaba abayoboke biwe kutitaba amatora.

Prezida Putin ntiyiyamamaje cyane, gushyika ubu akaba ashyikiriza bike ku bijyanye n’imigambi yiwe mu myaka itandatu iri imbere.

Kurwanya ubukene

Mw’ijambo yashikirije abashingamateka n’abakenguzamateka uno munsi, yavuze ko yipfuza ko Uburusiya bufasha abanyagihugu kuramba nka kurya kwo mu Bufaransa no mu Buyapani.

 
Uburusiya bushaka kugabanya igitigiri cy’ubukene gushyika ku cyakabiri

Mu 2000 hari imiliyoni 42 z’abanyagihugu bakenye, muri kino gihe hari imiliyoni 20, avuga ko ico gitigiri gitegerezwa kujya hasi.

Yavuze ko Uburusiya butareba inguvu bufite ngo burarame.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments