HomeJusticeAbapolisi batanu baguye mu gitero cya Al Shabaab muri Kenya

Abapolisi batanu baguye mu gitero cya Al Shabaab muri Kenya

Abagwanyi ba Al-Shabab barakunze kugaba ibitero ku mupaka wa Somalia na Kenya

Abapolisi batanu bishwe abandi batatu barakomereka mu gitero byiketswe ko cagabwe n’abagwanyi ba Al Shabaab mu ntara ya Mandera mu buraruko bushyira ubuseruko bwa Kenya.Ubutegetsi buvuga kw’icyo gitero cyagabwe mw’ijoro, cyibasira ikambi zibiri z’igipolisi ziri muri ako karere.

Icyegera cy’uwurongoye intara, Eric Oronyi, yavuze ko abateye bashika 70 bari bitwaje inkoho.Babanje basambura igikoresho gifasha mw’itumanako, munyuma batera ayo makambi.

Bwana Oromyi yavuze ko uburaro bwinshi bwo murizo kambi bwaturiwe.Al Shabaab iramaze kwemanga urupfu rw’abantu mirongo, biciwe i Mandera mu mwaka uheze.

Abo bagwanyi bamaze igihe bahama abapolisi n’imiduga itwaye abasivile, bagatera mu mazu hamwe no mu bibanza vy’ubucukuzi bw’amabuye y’agaciro, aho bica abantu benshi.Mandera isangiye urubibe na Somalia, ico gisagara kikaba gikunze gutegwa na Al Shabaab.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments