Inyuma yuko dosiye yiwe yumvirijwe nurukiko mpuzamakungu mpanabyaha ifite icyicaro i La Haye, umucamanza, Bertram Schmitt yatangaje, uno musi ku wa kabiri, ko abacamanza bazashyikiriza ingingo ku bijyanye n’ukubandanya kugumiza mu munyororo Bemba ejo ku musi wa gatatu.
Naho Bemba yambitswe izera, ntiyarekuwe kubera yangiwe n’icyaha ku yindi dosiye ikiriho iravugwaho.
Mu gutangaza iyo ngingo ku musi wa gatanu icyumweru kirangiye, cy’ubujuririre imanza cy’urukiko mpuzamakungu mpanabyaha y’i la Haye cyamenyesheje ko nta byemezo byatanzwe ko yaba yarakurikiranye ari kure uburyo abarwanyi biwe bo mu murwi MLC bigenjeje mu gihugu cya Centrafrika.
Jean-Pierre Bemba amaze imyaka cumi afunzwe inyuma yuko aciriwe umunyororo w’imyaka 18 mu mwaka w’i 2016.
Ukwambikwa izera kwa Bemba, kubaye mu gihe umwuka mubi utera wiyongera muri Kongo, imbere y’amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kw’italiki 23 z’ukwezi kw’icumi ka kabiri muri uyu mwaka w’i 2018.
