Home News Batinyeko urubyiruko rwazamukurikira?

Batinyeko urubyiruko rwazamukurikira?

0

Umupadiri umwe wo muri katolika mu gihugu cya Kenya yabaye rurangiranwa kubera uburyo akoresha umuziki mu gukosora abantu yahagaritswe mu mabanga yiwe.

Paul Ogalo batazira ‘Sweet Paul’ yahora akoresha umuziki wa rap nk’inzira yo kwiyegereza urwaruka rwinshi kugira rwitabire imisa.

Avuga ko umuziki ari inzira nziza cyane, atari gusa kugira kwiyegereza urwaruka ahubwo gukwiragiza ijambo ry’Imana.Zimwe mu ndirimbo ziwe nk’akarorero:”Nimuze mw’isengero hari imigisha, nimuze mw’isengero hari umugisha…”

Ariko iyo ngendo yiwe ntiyanezereje abamutwara muri katolika mu burengero bwa Kenya aho baciye bamuhagarika mu mabanga yiwe mu kiringo cy’umwaka kugira ngo “yisubireho”.

Musenyeri w’iyo diyoseze Bay Philip Anyolo yavuze ko uwo mupadiri ategerezwa guhitamwo kuririmba umuziki wa rap cyangwa kuba padiri.

Yavuze ko uwo mupadiri nta burenganzira afite bwo gusubira gusoma misa mu kiringo cy’umwaka umwe, ariko yemerewe kuyijamwo no kuyisoma mw’ibanga.

Padiri Ogalo yahora ahindura impuzu zo gusoma misa, imisa isohotse agaca yambara igitambara kirekire gifite amabara atukura n’ayirabura mu mutwe, ipataro itamufata, agaca atangira kuririmba nka kurya abaririmvyi ba rap bagira.

Ivyo vyahora binezereza urwaruka rwinshi eka mbere n’abandi bakristu bakuze.Musenyeri Anyolo avuga ko ingingo yo kumuhagarika mu mabanga yiwe yafashwe mu kwezi guheze.

Ariko kandi yavuze ko uwo mupadiri afise uburenganzira bwo kubandanya gukoresha umuziki wa rap nk’uburyo bwo kwigisha ijambo ry’Imana urwaruka “ariko ko atarekuriwe kubigirira kuri arutari.”

“Ivyisi n’ivyidini ntibishobora kujana. Padiri Ogalo afise ikiringo c’umwaka kugira yisubireko, kugira afate ingingo ko akwiye gukurikirana ubuzima yahisemwo bwo kuba padiri,” ni ko uwo musenyeri yavuze.

Uwo mupadiri yabwiye BBC ko abamutwara bataramumenyesha ko yahagaritswe mu mabanga yiwe, ariko ko izo nkuru yazumvise ku mbuga ngurukanabumenyi.

Yagize ati: “Nasanze urwaruka rukunda umuziki, ari na cyo gituma baja iyo batamba, hanyuma ndibwira nti nimba ari byo bakunda, reka ndabibakorere nanjye.””Jyewe ndirimba indirimbo zose, iz’Imana, riddimsm, hip-hop, raga, reggae kugira ndabavangire.”

“Abantu benshi nta ngorane babibonamo, babona ko ari ingabirano, ntegerezwa kubandanya. Ariko bake ni bo babibonamo ikibazo, ariko ikibazo ni kumenya nimba ishengero riri mu bantu cyangwa abantu bari mw’ishengero, kuri ibyo rero nta kibazo kuko ibintu by’idini biyjanye n’iby’isi, igikenewe n’uko bigishwa ibintu byiza mu buzima bwabo.”

Translate »
Exit mobile version
Skip to toolbar