Home Economy “Baleines” zapfiriye ku nkombe y’ikiyaga muri Nouvelle Zelande(ubuhanuzi)

“Baleines” zapfiriye ku nkombe y’ikiyaga muri Nouvelle Zelande(ubuhanuzi)

0

Ibinmyabuzima vyo mu mazi 300 vyo mu bwoko bwa “baleine” vyapfiriye ku nkombe y’ikiyaga mu gihugu ca Nouvelle Zélande, ubutegetsi bukavuga ko ari ubwa mbere ibintu nkivyo bishika.Abantu baharugwa mu majana barimwo n’abakozi bo mu gisata co gukingira ibikoko bamaze amasaha bagerageza gutabara “baleines” zitarapfa bazisubiza mu mazi menshi aho zimenyereye kuba.

Abahanga bazi icyatumye izo “baleines” ziva mu mazi menshi aho zaba ariko birashobora gushika zikaza ku nkombe iyo zigwaye, zakomeretse canke zihenze zikoga zitumbera aho zitategerezwa kuja.Rimwe na rimwe iyo “baleine” yisanze ku nkombe, iramenyesha izindi bigendana, ugasanga nazo nyene ziguye kuri iyo nkombe y’ikiyaga.

Ikigo gishinzwe gukingira ibikoko cavuze ko caronse amakuru ko izo “baleines” zishobora kugwa ku nkombe y’ikiyaga ku wa kane mw’ijoro ariko nticaca gitanguza ibikogwa vyo kuzitabara kubera ko hari mw’ijoro, niko itangaza makuru ry’amakuru New Zealand Herald rivuga.

Andrew Lamason, agenzura akarere, yavuze ko ari ubwa mbere “baleines” nyinshi nkizo zigwa ku nkombe mu gihugu cya Nouvelle Zélande.Igisirikare gicungera ikiyaga muri Nouvelle Zélande cyavuze yuko “baleines” 416 ari zo zaguye ku nkombe.Kivuga ko abanyagihugu hamwe n’abo mu buvuzi “bariho barazisubiza mu mazi aho zimerewe neza”.

Uwufite ububasha kw’isanamu Reuters
Abantu barimwo abitanga bagerageza gusubiza “baleines” mu mazi menshi

“Baleines” zasubijwe mu mazi zaciye zitangura kwoga zitumbera ahari amazi menshi, niko umwe mu bitanga Ana Wiles yavuze.

Save

Save

Save

Translate »
Exit mobile version
Skip to toolbar