Home News Amerika Yavuye mu Masezerano ya Nikleyeli na Irani

Amerika Yavuye mu Masezerano ya Nikleyeli na Irani

0
Perezida Donald Trump asinya kuva mu masezerano ya Nikleyeli na Irani, White House, Itariki 8/05/2018.
 Perezida Donald Trump kuri uyu wa kabiri yakuye Reta zunze ubumwe z’Amerika mu masezerano mpuzamakungu yo mu mwaka wa 2015 yari agamije guhagarika porogaramu ya Nikleyeli ya Irani.

Amerika ivuga ko yari amasezerano mabi ntacyo yabuza Irani kubandanya guteza imbere ibirwanisho bya Nikleyeli kandi ibangamiye amakungu.Umutegetsi w’Amerika yavuze ko agiye gusubizaho ibihano by’ubutunzi kuri Irani byo ku rwego rwo hejuru.

Trump yavuze ko yuguruye umuryango wo gukorana n’ibihugu bicuditse bya Burayi kugira bongere baganire gusha n’igihugu cya Irani kugira hahagarikwe ukugeregeza ibyo birwanisho no kukibuza ibikorwa bya gisirikare muri Siriya, Yemeni, n’ahandi mu karere ko mu burasirazuba bwo hagati, n’aho Irani cahakanye ko kidahirahira gisubira mu biganiro.

Perezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron yavuze ku rubuga rwa Twitter ko Ubufaransa, Ubudagi n’Ubwongereza bababajwe n’ingingo y’Amerika yo kuvavanura n’ayo masezerano.

Ikigo mpuzamakungu gicungera iby’ibirwanisho ruhonyanganda cyaremeje incuro cumi ko Irani cyubahiriza ayo masezerano.

Perezida wa Irani Hassan Rouhani yavuze ko igihugu cyiwe kizoguma muri ayo masezerano igihugu cya Leta zunze ubumwe z’Amerika kitarimwo.

Ayo masezerano amaze imyaka itatu yakuyeho ibihano vyari vyafatiwe Irani muvy’ubutunzi Irani nacyo kigahagarika porogaramu ya Nikleyeli. Umushikiranganji wa mbere wa Israyeli Benjamin Netanyahu yamye anegura ayo masezerano, abona ko perezida Trump bahuza uko babibona.

Translate »
Exit mobile version
Skip to toolbar