Ikigo kijejwe ibigendajuru muri Amerika, Nasa, camenyesheje ko kigiye kurungika kigerageza ubwa mbere indege yo mu bwoko bwa Kajugujugu ku wundi mubumbe.
Bitegekanijwe ko iyo Kajugujugu izorungikwa kuri Mars mu mwaka w’i 2020.
Nasa iriko irondera gukora indege iremurutse yoshobora kujya bitagoranye kuri Mars, na burya uwo mubumbe uremurutse incuro 100 ugereranije n’isi.
- Ikigendajuru cy’Ubushinwa cyasambukiye hejuru ya Pacifique yo mu bumanuko
- Ikigendajuru Rosetta cafashe kibonumwe
Abahinga bo mu Burusiya nibo bamaze gushikana ibigendajuru bimeze nk’ibipurizo mu kirere cy’umubumbe Venus, mu myaka yo mu 1980.
“Kwiyumvira ko Kajugujugu yoguruka ija ku wundi mubumbe biraryoshe cyane,” niko uwurongoye Nasa Jim Bridenstine yavuze.
“Iyo Kajugujugu izajya kuri Mars iratanga icyizere kuri kazoza k’ubuhinga, ubushakashatsi hamwe no mu kwabura umubumbe Mars.”Mu gihe ako kagendajuru kiswe Kajugujugu aho kwitwa “drone”, nta mudereva kazoba gafite.





