Mu byumweru bibiri Korea ya ruguru iratangira gusambura ibibanza bya “nucléaire”?
Igihugu cya Korea ya ruguru cyamenyesheje ko kigiye gutangira gusambura ikibanza yco kugeragerezamo ibirwanisho bya “nucléaire” mu birori byakurikiranywe n’abamenyeshamakuru bo hanze.
Pyongyang yavuze ko iriho iriga ingingo zijyanye n’ubuhanga zatuma itangira ibyo bikorwa hagati y’itariki 23-25 ukwezi kwa Gatanu, niko ikinyamakuru cya Korea ya ruguru KCNA cyavuze ku munsi wa Gatandatu.
Abahanga bo bavuga ko icyo kibanza cyaba kimaze gutangira kubomoka kuva mu kwezi kw’icyenda.Icyo gikorwa gitegenijwe kurangira mu byumweru bitatu birimbere yuko Prezida Donald Trump ahura n’umuyobozi wa Korea ya ruguru Kim Jong-un.
Mu kwezi kwa kane, abategetsi ba Korea yepfo bavuze ko Bwana Kim yavuze ko “azafunga ikibanza cyo kugeragerezamwo ibigwanisho ibitwaro byakirimbuzi bya nucléaire” mu kwezi kwa Gatanu”, yongera kuvuga ko abahanga mu bya “nucléaire” bo muri Korea yepfo na Amerika bazatumirwa kuza kuba indororezi.
Naho yavuze ukwo, nta na kimwe cyavuzwe cyo kureka ngo abahinga bo hanze baje muri icyo kibanza, mw’itangazo ryasohowe na Korea ya ruguru ku munsi wa Gatandatu.
Korea ya ruguru yahagaritse kugerageza ibisasu by’ubumara
Korea Yepfo isaba ko Korea ya Ruguru igumizwaho ibihano
Ishusho ya “satellite” yerekana ikibanza cya “nucléaire” cya Punggye-ri, muri Korea ya ruguru Isambugwa ry’ikibanza cya Punggye-ri, itariki izomenyeshwa biturutse ku kungene ikirere cyifashe, rizaba rigizwe n’ugusambura inzira zose zo mu kuzimu hakoreshejwe ibisasu biturika, gusambura ibibanza bakurikiraniramwo igerageza ry’ibigwanisho, inyubakwa z’ubushakashatsi hamwe n’ibirindiro vy’abajejwe umutekano.
Abamenyeshamakuru ba Korea yepfo, Ubushinwa, Amerika, Ubwongereza hamwe n’Uburusiya bazosabwa gukurikirana ibyo bikorwa.





