Amatora yatanguye mu ntara ikomeye impande zose zihiganirwa ya Florida, aho Hillary Clinton na Donald Trump babandanya guhiganirwa.Trump amaze imisi aronderayo abanywanyi, akaba yanateguye kuhagirira imyiyamamazo itanu.
Na Clinton ategekanya kuhagirira imyiyamamazo.Clinton ni we aza imbere n’ibice bitatu ku biharuro bitangwa na CBS/YouGov.Uwo yahoze ari umushikiranganji w’imigenderanire afise ibice 46% vy’amajwi, mu gihe uwo bahanganye Trump afise ibice 43% nk’uko bigaragazwa n’ivyo biharuro.
Ibiharuro bitangwa na CNN/ORC vyerekana ko umupfasoni Clinton aza imbere n’ibice bitandatu kw’ijana ufatiye kubitezwe ko bitaba amatora, akaba afise 51% kuri 45% ya Trump.
Amajwi yo mu turere twiganjemwo abarepublicains twa Arizona, Georgie na Utah aboneka ko yegeranye cane gusumba uko vyari vyitezwe.Ariko mu myiyamamazo yabereye i St Augustine ku musi wa mbere, Trump yavuze:”Benewacu twatsinze. Twantsinze. Twatsinze.”Yarasubiriye kandi kwifatira mu gahanga abamenyeshamakuru.Yarananebabuye abatanga ibiharuro mfatakibanza vy’ibizova mu matora.
Akamaro k’amatora abaye kare
- Abanyamerika barenga imiliyoni 6 baramaze gutora
- Biharurwa ko abashika imiliyoni 46 bazoba bamaze gutora gushika ku musi w’amatora, bakaba bashika ibice 40% y’abiyandikishije gutora bose.
- Mu ntara ihiganirwa cane ya Caroline ya ruguru, abatora b’abademokrate biyandikishije kuja mu matora, baje gutora ari benshi gusumba abarepublicains.
N’aho hari ivyo yagirizwa vyo gutesha agaciro abapfasoni, Trump yashigikiwe kuri uyu w’Imana, n’ikimenyeshamakuru rurangiranwa ca The Las Vegas Review-Journal co mu ntara ya Nevada.
Hazokurikira iki?
- Abitoza bagiye gukoresha imisi 15 isigaye mu kwiyamamaza. Vyitezwe ko haba imyiyamamazo ikomye mu ntara bagenda babangabanganywe za Ohio, Caroline ya ruguru, Florida na Pennsylvania.
- Amatora azoba ku musi wa kabiri itariki umunani z’ukwezi kwa cumi na rimwe, aho hazomenyekana umukuru w’igihugu agira 45 wa Amerika.
- Prezida mushasha azorahizwa itariki 20 z’ukwezi kwa mbere mu 2017





