Abantu benshi bapfuye inyuma y’aho umuriro mwinshi wadukiye mu nyubakwa ndende muri iri joro ryakeye mu gisagara cya Londres.Abashinzwe kurwanya inkongi z’umuriro baracyagerageza kuzimya uwo muriro wadutse mu nyubakwa ya Grenfell Tower, aho abahegereye bavuga ko hariho abantu bahezeyo baguma basaba ko batabarwa.
Abantu barenga [50] bariho baravurirwa mu bitaro.Umumenyeshamakuru wa BBC avuga ko hari ubwoba ko iyo nyubakwa ishobora gusenyuka.Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters Uri kure urabona umwotsi
Uwo muriro wo muri iyo nyubakwa ya Grenfell watanguye nk’isaha 01:16 z’ijoro, amasaha yo mu Bwongereza.Igisata kijejwe kuzimya umuriro aho wadutse carungitseyo amakamyo 40 yo kuzimya uwo muriro.Uwufite ububasha kw’isanamu Reuters Igice kinini c’iyo gorofa cahiye
Umumenyeshamakuru wa BBC Andy Moore ari muri ako gace iryo sanganya ryabereyemwo yavuze ko iryo gorofa nini cane hari ubwoba ko rishobora gusenyuka. Abajejwe kuzimwa umuriro 200 ni bo bahanganye niyo nkongi





