HomeNewsAmerika yiteguye kurungika abasirikare muri RD Congo igihe umutekano wohungabana

Amerika yiteguye kurungika abasirikare muri RD Congo igihe umutekano wohungabana



Imyiyerekano imbere y’inyubakwa y’akanama kajejwe amatora i Beni mu buseruko bwa RD Congo itariki 27/12/2018
Perezida Donald Trump wa Amerika yavuze kw’icyo gihugu cyarungitse abasirikare mu gihugu cya Gabon, bokwinjira gutabara muri Repubulika y’Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo) igihe ibintu vyoba biyangaye muri aya matora y’umukuru w’igihugu.

Mu ibaruwa ryarungikiwe abakuru b’inama nshingamateka na nkenguzamateka, Perezida wa Amerika yavuze ko umugwi wa mbere w’abasirikare 80 washitse muri Gabon ku munsi wa Gatatu.

Ku bwa Donald Trump, izo nteko zijanywe muri icyo gihugu kugira ngo zikingire abanyamerika hamwe n’abaserukira Amerika i Kinshasa, umugwa mukuru wa RD Congo.

Yagize ati: “Abo basirikare bazoguma muri ako karere gushika igihe umutekano wo muri RD Congo uzoba umeze neza bitagikenewe ko bagumayo.”

Ku bwa Bwana Trump, hashobora kurungikwa n’inteko ziyongera ku zimaze gushikayo, igihe vyoba bikenewe.

Akanama kajejwe amatora muri RD Congo kategerezwa gutanga ibitigiri vy’ibanze vy’amatora ku munsi wa Mungu.

Munyuma kahavuye kavuga ko gusohora ivyo bitigiri bizocerezwa biturutse ku murindi muto wibonekeza mu guharura amajwi.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments