
Ihuriro rya amashaka ari ku butegetsi muri Repubulika y’Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo) rwidogeye Ekleziya Katolika mu kuba yashikirije ko izi uwatsinze amatora yo ku munsi wa Mungu.
Umuvugizi wa “Front Commun du Congo” (FCC) yabwiye BBC “ko bakoze ibitemewe n’amategeko kandi ko bariko bategurira abanyagihugu kugumuka”.
Urunani ruri ku butegetsi ruvuga ko akanama kajejwe amatora ariko ko nyene karekuriwe n’amategeko gutangaza ibyavuye mu matora.
Mu ntango z’ino ndwi inama y’abepiskopi “Conference Episcopale Nationale du Congo” (Cenco) yavuze ko uwatsinze amatora amaze kwibonekeza iravye ibitigiri yabonye.
- Amerika yiteguye kurungika abasirikare muri RD Congo
- Ivyavuye mu matora ya prezida muri RDC ‘bizoteba kumenyekana’
Cenco yagomoye abarorerezi barenga 40000 umunsi w’amatora – igitigiri nta wundi mugwi washoboye gushikana- ariko ntiyavuze uwatsinze uwariwe.
Abasenyeri basaba ubutegetsi kuba imvugakuri bagashikiriza ningoga ibyavuye mu matora.
Ekleziya Katolika ya Congo yamye ishira ijwi hejuru yiyamiriza Perezida Joseph Kabila kwiyongera ikindi kiringo.
Yategerezwa kuba yavuye ku butegetsi mu 2016.





