USA: Ikigo BBG Gisaba Perezida Nkurunziza Kwisubirako ku Ngingo kw’Ijwi ry’Amerika.John F. Lansing,umuyobozi w’Ikigo cya Leta zunze ubumwe z’Amerika gishinzwe itangazamakuru,Ijwi ry’Amerika ribarizwamwo, BBG.
Nyuma y’umusi umwe, hahimbajwe umusi mukuru mpuzamakungu w’ubwingenge bw’umwuga wo kumenyeshamakuru, “World Press Freedom Day” mu congereza, mugihe kandi hasigaye imisi cumi ngo Uburundi butunganye referendumu ishobora guhindura manda z’umukuru w’igihugu, Reta y’Uburundi yatangaje ku musi wa gatanu, itariki 5 z’ukwezi kwa gatanu ko ishobora guhagarika ibiganiro by’Ijwi ry’Amerika ku mirongo ya FM, mu kiringo cy’amezi atandatu guhera kuri uyu wa mbere, itariki ya 7 z’ukwezi kwa gatanu.
Abamenyeshamakuru b’Ijwi ry’Amerika mu Burundi bashikirije kuri uyu wa mbere mu gitondo ko iyo ngingo yashizwe mu ngiro.
N’aho abanywanyi b’Ijwi ry’Amerika bashobora gukurikirana ibiganiro by’Ijwi ry’Amerika ku mirongo migufi, yitwa Shortwave, kuri television cyangwa ku mbuga ngurukanabumenyi, umurongo wa FM nibwo buryo bwiza butuma Abarundi bashikiriza iryo bagona.
Ijwi ry’Amerika niyo Radiyo Abanyagihugu bakurako amakuru atohojwe neza kandi ntaho yegamiye kandi atarinze gusubirwamo n’ubutegetsi, kandi urebye uko ibya politike byifashe mu Burundi, iyi Radiyo irakenewe cyane kuruta ibindi bihe.
Ikigo cya Leta zunze ubumwe z’Amerika gishinzwe itangazamakuru Ijwi ry’Amerika ribarizwamo, BBG mu mpfunyapfunyo y’icyongereza, bimenyesha ko bizobandanya gushyigikira Uburundi mu gushikiriza ibiganiro byizigiwe na bose kandi byatohojwe neza. Ibiro BBG bisaba Perezida Pierre Nkurunziza kwisubirako kuri iyo ngingo, yafashije kugira umutekano ntuhungabane, gukinga ubwicanyi no gukingira abanyagihugu.