HomeNewsFélix Tshisekedi Asaba Urunani Rwirukana Kabila

Félix Tshisekedi Asaba Urunani Rwirukana Kabila

Felix Tshisekedi, arongoye urunani Rassemblement muri republika iharanira demokarasi ya Kongo
 Umukuru w’urunani, Rassemblement rw’abanyeporitike batavugarumwe n’ubutegetsi muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, Felix Tchisekedi yasavye abo bafatanije urugamba kwunga ubumwe bagasugereza Perezida Joseph Kabila gushika aho yomoka akava k’ubutegetsi imbere y’uko umwaka w’2017 urangira.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa kabiri, Tchisekedi yamenyesheje ko nta bindi biganiro biteze kuzajamo n’ubutegetsi.

Tchisekedi abona ko hakwiye kuba ukubisikanya k’ubutegetsi no kubohora igihugu imbere y’itariki 31 z’ukwezi kwa cumi na kabiri 2017.

Republika iharanira demokarasi ya Kongo kiri m’uruhagarara rufatiye kumvo za poritike rwatewe n’ukuguma k’ubutegetsi kwa Kabila inyuma y’aho ibiringo bibiri yemererwa n’ibiwirizwa nshingiro ry’icyo gihugu birangiriye itariki 20 z’ukwezi kwa cumi na kabiri 2016.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments