HomeNewsZuma yemeye kuva ku butegetsi, ariko ashaka ayandi mezi 3

Zuma yemeye kuva ku butegetsi, ariko ashaka ayandi mezi 3

Ubuyobozi bw’umugambwe ANC uri ku butegetsi muri Afrika y’epfo bwafashe ingingo yo kubogoza Jacob Zuma mu kibanza cy’umukuru w’igihugu, ariko nta kiringo cyo gutanga imihoho cyamenyeshejwe.

Umunyamabanga mukuru wa ANC, Ace Magashule, yavuze ko bwana Zuma asa n’uwemeye kuva ku butegetsi, ngo ariko ashaka kuba abugumyeho ayandi mezi atatu cangwa atandatu.

Bwana Magashule yavuze ko abakuru mu mugambwe bumva bwana Zuma yari akwiye kuva ku butegetsi vuba bishoboka ku neza ya Afrika y’epfo.

Yavuze ko umurwi nyobozi ku rwego rw’igihugu ushaka ko umukuru wa ANC, Cyril Ramaphosa, ahita aba umukuru w’igihugu.

Bwana Zuma ariko aranangira ku butegetsi naho yagirizwa igiturire ku rwego rwo hejuru.

Soma ibindi kuri Jacob Zuma:

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments