Hari umugabo w’umunyamerika agiye gufungwa inyuma yaho yigize umusirikare w’ipete rya Jenerali, akagendera mu ndege ya kajugujugu yururukirije mu rugo rw’umuntu agiye kuraba umukobwa akurikira.
Uwo mugabo mu bisanzwe akora imodoka zapfuye (mécanicien) yagirizwa ibyaha byo kwifata nk’umusirikare w’umujenarali w’inyenyeri zitatu wa Amerika, kugira ngo ashobore gutura indege ya kajugujugu aho yipfuza, niko ubutegetsi buvuga.
Christian Gerald Desgroux w’imyaka 58, yururukirije kajugujugu yakotesheje ku biro vy’ahitwa Cary muri Caroline yo mu buraruko – ibyo byose kugira ngo agondoze umukobwa akurikira.
Mu gihe yari yambaye umwambaro w’akazi wa gisirikare, yabwiye abajejwe umutekano bo kuri ibyo biro, ko ari ku mategeko ya Prezida wa Amerika.Bwana Desgroux arindiriye guhabwa igihano cyo gupfungwa imyaka itatu, yongere atange amande ya $250,000.
Tony Bell, umupolisi wo mu gisata kijejwe umutekano mu gihugu hagati “Department of Homeland Security”, yavuze nk’icyabona ku munsi wa mbere ko Bwana Desgroux yururukirije indege ya kajugujugu yakodesheje ku cyicaro cy’ikigo gikora ku vb’ubuhinga itariki 6 ukwezi kwa 11 mu 2017.Yari yambaye umwambaro wa gisirikare icyo gihe, naho atigeze akora mu gisirikare.
Bwana Desgroux yabwiye umudereva wa kajugujugu hamwe n’abo bajejwe umutekano, ko afite uruhusha rwo kururukira ku butaka bw’ikigo “Sas Institute” c’i Cary.Yaramukije abo bapolisi nabo baramusubiza mu buryo bwa gisirikare, niko umupolisi Bell avuga.
Bwana Desgroux yaciye avuga ko yaje gutwara umukozi w’umukobwa agiye gusobanurirwa iby’akazi, ku mategeko ya Prezida Donald Trump.
Umupolisi Bell avuga ko hanyuma uwo mugore yamubwiye ko yibaza ko Bwana Desgroux yashatse kumukanga mu kwiyerekana ukwo atari, kuko amaze igihe amusaba ko bakundana.Avuga ko haheze imyaka 20 bazinanye na Bwana Desgroux.
Bageze muri kajugujugu, uwo mugore avuga ko, nta kindi bakoze kiretse kuzunguruka mu kirere iminota 30.Umucamanza Robert Numbers yategetse ko, Bwana Desgroux afungwa ku munsi wa mbere ahejeje kumvirizwa.
Uwunganira Bwana Desgroux, Andrew McCoppin yanditse avuga ko rinze kutemera ibyanditswe nibinyamakuru kumakosa, niko ikinyamakuru Associated Press kivuga.
Mu makuru ari mu maboko yurukiko, byibonekeza ko Bwana Desgroux yigeze gupimwa ko akomeye neza mu mutwe, n’icyegeranyo kirasohorwa mu kwezi kwa gatanu.
Ku bw’icyo kinyamakuru, umwunganira mu rubanza yavuze ko ku munsi wa kane ko umukiriya wiwe yari meze neza igihe ibyo byashyika.Ngo s’ubwa mbere Bwana Desgroux yica amategeko.
Ngo si ubwa mbere kandi Bwana Desgroux akotesha indege ngo akange umukobwa, ngo yarakodesheje iyindi ndege yambaye umwambaro wa gisirikare agiye kuraba undi mukobwa mu mwaka uheze.
Bwana Desgroux aturuka mu gihugu cya Chili ariko akaba yaronse ubwenegihugu bwa Amerika mu 2016.Ni umukanishi w’ibinyabiziga (mécanicien) muri Raleigh yo mu buraruko.





