Home News Uwububa abonwa n’uhagaze!

Uwububa abonwa n’uhagaze!

0

Ashaje imburagihe

Urwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, rujejwe agateka ka zina muntu rwagirije igisirikare n’igipolisi bya Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo, kwica abantu 47 bari mu myiyerekano.

ONU ivuga ko izo nzego zijejwe umutekano zishe abo bantu mu mwaka uheze, zikagerageza kubihisha mu gutwara ibiziga byabo.

Urwandiko ruvuga ko abajejwe intwaro muri Kongo bakoze ibishoboka vyose ngo banumye abatavuga rumwe nabo, ngo bikaba bikenewe ko haba vuba cyane itohoza ataho ryegamiye.

Harabaye ibikorwa byinshi by’imyigaragambyo muri Kongo kuva aho umukuru w’igihugu, Joseph Kabila, yangiye kuva ku butegetsi ikiringo cyiwe giheze, haciye imyaka ibiri.

Ababikurikiranira hafi bavuga ko kuba bitagaraga neza aho Kongo iriho irerekeza mu bya politike, ari byo biteje umutekano muke mu buseruko bw’igihugu.

Translate »
Exit mobile version
Skip to toolbar