Google yaciwe amande menshi cyane na EU kubera ubudacuruziye butubahiriza amategeko.Google yaciwe amande ya miriyaridi 2.42 by’amafaranga y’ama euro n’akanama k’ubumwe bwa Buraya inyuma kwagirizwa ko yarenze kuvyo yemerewe mu guteza imbere ubucuruzi bw’iryo shyirahamwe kuri buri ntango y’aho wifuza gushakira ibintu.
Niyo mande ya mbere menshi atari bwigere abaho gushika ubu atangishijwe ishirahamwe ryagirizwa kwonona isoko.
Google kandi yasabwe guhagarika ibikorwa vyo kubangamira ayandi masoko mu kiringo kitarenze imisi 90 canke bacibwe ayandi mande.Iryo shirahamwe ryo muri Amerika rivuga ko rishobora kujurira.
Ariko , mu gihe ryonanirwa guhindura uburyo rifasha abantu mu bucuruzi mu gihe cy’amezi atatu ryahawe, rishobora gutegekwa kuriha ibice bitanu kw’ijana vy’inyungu y’ishirahamwe bakomokaraho rya Alphabet riba ryaronse buri musi kw’isi yose.
Google irashinjwa kwica amategeko y’UburayiUfatiye ku cegeranyo gishasha c’ubutunzi, ayo mahera angana na miliyoni 14 buri musi.
Ako kanama kavuze ko karetse Google ubwayo ikaraba uko yohindura ivyerekeye ubudandaji ikora gusumba kudomako urutoke ibikwiye guhinduka.
“Ivyo Google yakoze ntibirekuwe n’amategeko agenga EU,” ni ko Magrethe Vestager, ajejwe ivyerekeye ihiganwa mu budandaji muri EU yavuze.
“Ryabuje ayandi mashirahamwe amahirwe yo guhiganwa mu vyo ashoboye no kwinagura, hanyuma ikindi gikomeye cane, ryabujije abaguzi ba buraya inyungu ivuye mu guhiganwa, kwihitiramwo no kwinagura.
European Commission Umupfasoni Vestager yongeyeko ko iyo ngingo ishobora gufasha uburyo bwo kubonera igisubizo kubibazo bijyanye ni uko Google yerekana amakarita yayo, ibiciro by’indege hamwe n’ubucuruzi butobuto buboneka aho uba uriho ushakira ikintu ku rupapuro rwa google.
Google iheruka kumenyesha ko Amazon na eBay bafite uruhare runini ku myifatire y’uko abantu bakoresha amafaranga, kandi ivuga ko itemeye ibyo yagirijwe.





