Home News Uwahora akinira Man Utd yabaye Padiri(Kiliziya Gatolika byarayicanze)

Uwahora akinira Man Utd yabaye Padiri(Kiliziya Gatolika byarayicanze)

0

Philip Mulryne, yahoze ari umukinyi w’umupira w’amaguru w’umunyamwuga, yaraye yatiwe muri ayo mabanga y’ubupatiri mu muji wa Dublin na Musenyeri Joseph Augustine Di Noia yaturutse i Roma.Yaheruka guhabwa amagabanga y’ubudiyakoni mu kwezi kwa cumi umwaka uheze.

Uyu mupadiri yavukiye mu muji wa Belfast yakiniye Irlande du Nord mu makungu incuro 27, aronka ibitego 3

Yaciye mu migwi itandukanye irimwo Norwich City na Leyton Orient.

Yatanguranye n’umugwi Manchester United mu 1997, ahereye mu mugwi w’abakiri bato.

Mu nyuma ntiyashoboye kugumana n’uwo mugwi igihe kirekire, yaciye yunguruririza muri Norwich City muri 1999, aho naho ahagirira ibibazo vy’imvune.

Yasezeye ku mugaragaro gukina umupira w’amaguru nk’umunyamwuga mu 2009, atangura urugendo rwiwe ryo kwihebera Imana muri seminari ya Saint Malachy muri Belfast.

Inyuma y’impamyabushobozi ya Philosophie yaronse ahereye muri kaminuza ya Queens muri Belfast, yagiye kwiga Theology muri Gregorian University i Roma.

Yinjiye mu kigo cy’umuryango w’aba Dominikani ca Cork mu 2012.

Translate »
Exit mobile version
Skip to toolbar