Ubutegetsi bw’i Vatikano bwakuye mu mabanga Cardinal Theodore McCarrick, yahoze ari umwepiskopi mukuru i Washington DC, nyuma yo kwagirizwa ibyaha bishingiye ku gitsina yakoreye mu ibanga harahaze imyaka ishika 50 igihe yari umupaditi i New York.
Papa Fransisiko yategetse kuri uyu wa gatatu ko uwo mu Cardinal w’imyaka 87 yaba ahagaritswe mu bikorwa, ashobora kandi no kudakomeza mu amabanga.
McCarrick aremeza ko ibyo yagirizwa atakibyibuka kandi ari umwere, ariko avuga ko asabye imbabazi kuwamwagirije ku mibabaro byaba byaramuteye.
McCarrick ni umwe mu bategetsi bakomeye muri Ekleziya muri Leta zunze ubumwe z’Amerika yagirijwe ibyaha bifatiye ku gitsina, byagirijwe n’abandi bapadiri ibihumbi kw’isi.
McCarrick, yabaye umwepiskopi i Washington DC kuva mu mwaka w’2000 gushyika muri 2006. Yashinzwe amabanga y’ubu cardinal mu mwaka w’2001.
