HomeNewsUrwandiko rusaba Nkurunziza kutitoza.

Urwandiko rusaba Nkurunziza kutitoza.

Hari abantu bafise amabanga mu mugambwe uri ku butegetsi mu Burundi CNDD- FDD hamwe no mu nzego z’ico gihugu bandikiye Prezida w’Uburundi Pierre Nkurunziza bamusaba ko ku neza y’igihugu yoreka kwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu azoba mu kwezi kwa gatandatu.

Iryo kete risaba Prezida Nkurunziza kudasubira kwitoza mu kibanza c’umukuru w igihugu, ryashizweko umukono n’abantu 18 baturuka mu mugambwe CNDD-FDD bari mu mabanga atandukanye mu nzego z umugambwe.

Muri bo harimwo Leonidas Hatungimana, umuvugizi w’umukuru w igihugu ari na we wa mbere yashizeko umukono kuri uru rwandiko agakurikirwa na Onesime Nduwimana yahora ari umuvugizi w’umugambwe uri kubutegetsi yakuwe muri ayo mabanga kuri uyu wa mbere agasubirizwa n’umukenguzamateka Gelasa Ndabirabe, hamwe na Genevieve Kanyange arongonye umuhari w’abakenyezi mu mugambwe CNDD-FDD ABAKENYERARUGAMBA na Nyandwi Anselme bulamatari w’intara ya Bubanza.

Abo bashizeko umukono kuri urwo rwandiko bamenyenyesha ko bashima intambwe Petero Nkurunziza agejeje ko igihugu, ariko rero ko bihweje icuka kiri mu gihugu muri kino gihe, bamusaba ko yofata nkankama umwitwarariko w’abagumyabanga benshi, akareka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

Banditse bati: “Mubikoze gutyo muzoba muhisemwo neza, ku neza y’Uburundi n’abarundi, n’izina ryanyu rikazoca riba rurangiranwa mu mateka y’igihugu c’Uburundi hamwe no mu makungu.”

Nayo ngo kumpari zifatiye ku biringo prezida Nkurunziza amaze kurongora igihugu, izo ndongozi zituruka mu mugambwe CNDD FDD zisaba prezida Nkurunziza kutaronderera inyishu mu bwirizwa nshingiro gusa, ngo ahubwo yofatira ku karangamutima k’umugambwe CNDD FDD kemeza ko ngo uwuturuka muri wo mugambwe uwariwe wese ategerezwa guharanira inyungu za benshi imbere y’ inyungu ziwe.

Willy Nyamitwe ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu yabwiye BBC ko umugambwe ariwo uzotanga inyishu itomoye kuri ico kibazo mu nama kaminuza yawo.

Gushika ubu Pierre Nkurunziza ntaravuga icese ko azokwitoza, ariko yavuze ko umugambwe umushize imbere ngo yitoze atazokwanka.

RELATED ARTICLES

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.

- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments