HomeNewsUrwanda rurisobanura ku masezerano na Arsenal yo ku rwamamaza

Urwanda rurisobanura ku masezerano na Arsenal yo ku rwamamaza

Urwanda rurisigura ku masezerano na Arsenal yo kugwamamaza

Urwanda rurisigura ku ngingo yo gutanga amamiliyoni y’amadolari mu masezerano bagiranye n’umurwi wa Arsenal wo mu Bwongereza yo ku rwamamaza nyuma y’aho inebaguriwe n’abantu benshi.

“Gendera Urwanda” icyo cyandiho cy’urwego rujejwe ingenzi ni cyo kizaba kiri ku maboko y’impuzu abakinyi bazambara mu mwaka uza, mu ntumbero yo guhamagarira ingenzi nyinshi kuja muri ico gihugu cyo mu karere k’ubuseruko bwa Afrika.

Ariko ibyo byateye ikibazo, kubera ko icyo gihugu, igice kinini cy’amahera gikoresha ava mu mfashanyo.

Ikinyamakuru cy’abongereza The Daily Mail kivuga ko ayo masezerano ari ayo imiliyoni 40 z’amadolari – akaba yababa igice cy’imfashanyo Ubwongereza buha icyo gihugu buri mwaka.

Nimba ayo mahera atari ico yari agenee, sinzi ivyo ari vyo. Bifashije kwerekana uko ubu butegetsi buhagaze ku bujuju,” ni ko umushingamateka w’umukonservatere, Andrew Bridgen yabwiye ico kinyamakuru.

Habaye imyigaragambyo i Paris yo kwamagana Prezida Kagame

Urwanda rwasubije mu Burundi impunzi 1600

Hagati aho, hadutse ibibazo mu nama nshingamateka y’Ubuholande.

Ariko urwego rujejwe bamukera rugendo mu Rwanda ruravuganira ayo masezerano.

Mw’itangazo rwashyize kurubuga rwabo, rivuga ko ari imwe mu ngingo izatuma amahera Urwanda rwinjiza azamuka cyane buri mwaka.

“Icyo dutumbereye n’uko twazamura inshuro ebyeri amahera ava muri bamukerarugendo, kuva ku miliyoni 404 y’amadolari akagera ku miliyoni 800 mu mwaka wa 2024. Uwu mugambi utoroshye gushyikaho ushoboka gusa mu gihe hamamajwe Urwanda nk’igihugu kijyamo ba mukera rugendo mu buryo bwa none.

“Amasezerano na Arsenal n’imwe mu nzira urwanda rwahisemo kugira ku mutima no mu byiyumviro abantu bakunde kugendera Urwanda, amahera avuyemo akaba ari yo akoreshwa mu kwamamaza, ” ni ko abategetsi bavuga.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -
Google search engine

Most Popular

Recent Comments