Urukiko rukuru rwo muri Afrika y’epfo rwaciye urubanza ko amatora yo gukura ku butegetsi prezida Zuma ashobora kuba mu mwiherero.Urukiko rushinzwe kubahiriza ibwirizwa shingiro yavuze ko umukuru w’inama nshingamateka afite uburenganzira bwo gutegeka ishyirwa mu ngiro ry’iyo ngingo.Aheruka kuvuga ko nta bubasha abifitiye.
Imigambwe itavuga rumwe na leta yizeye ko amatora abereye mu mwiherero, abashingamateka bo mu mugambwe wa ANC prezida Zuma akomokamo, bashobora kumukurako amaboko.Amaze kurusimbuka kenshi mu matora yo kumwirukana ku butegetsi.
Prezida Zuma amaze kwagirizwa ibintu vyinshi, uhereye ku biturire ukaja no kwishingwa rya reta nshasha yaranzwe n’iyirukanwa mu mabanga yiwe umushikiranji w’ikigega ca reta yubashwe cane.
Ashyikiriza iyo ngingo y’urukiko, umukuru w’intahe Mgoeng Mgoeng yavuze ko yishingikirije uburyo ubutegetsi butegerezwa gutandukana, ari umukuru w’inama nshingamateka ategerezwa gufata ingingo yuburyo amatora ategerezwa kugenda.
Umukuru w’inama nshingamateka, Baleka Mbele, ni umutegetsi ukomeye wa ANC, akaba yaravuze ko amategeko agenga inama nshingamateka atarekura ko amatora abera mu mwiherero.
Amakete ya email yagiriza Prezida Zuma ku biturire
ANC irihweza ikibazo c’uko Zuma yoba ashaka kwibera Dubai
Iyindi tariki woberako amatora yo gukura prezida ku butegetsi igiye gusubira kwihwezwa.Ku vyerekeye amatora yo kuba batakimwizeye, Prezida Zuma aramaze gutsindwa mu manza nyinshi, harimwo urwo kumutegeka kuriha amahera ya reta yakoresheje mu gusubiramwo inzu yiwe i Nkandla.
Ariko igenwa rya reta nshasha ni ryo ryamukozeko cane, aho hariho n’abo mu mugambwe wiwe bamuhamagariye gutanga imihoho.Ikiringo ciwe kizorangira mu 2019, kandi ANC yiteguye gutora uwuzomusubirira mu mpera z’uyu mwaka.





